Abapigime b’ Abatwa ho mu Karere k’Ibiyaga Binini

1 June 2000

lntambara zo mu Karere k’lbiyaga Binini vyo muri Afrika, na cane cane ihonyabwoko ryo mu 1994 mu Rwanda, zaranditweko vyinshi. Yamara ubuzima bw’ubwoko bukenye kandi bugowe kurusha qbundi. Abapigime b’Abatwa, ntibuzwi cane kandi nta nzandiko bijanye zihari. Abapigime ni benshi cane baba mu bihugu vyo muri Afrika yo hagati. Bibaza ko boba ari bo Bantu batanguye kuba mu mashamba ari ku mweko w’isi muri Afrika yo hagati. Ariko Abatwa baromowe baracibwa ubwa mbere n’abarimyi n’aborozi mu kinjana ca cumi n’icena, hanyuma, mu gibe c’intwaro y’igikoroni mw’ihonya ry’amashamba, be n’ubu vuba aho hashingiwe amashamba y’ibikoko. lntambara ziba hagati y’ibihugu canke mu gihugu zarunyuye uburyo bwo kubaho n’akaranga kabo.

Iki cegeranyo gishimikira ku Batwa baba mu Burundi, mu buseruko bwa Kongo, mu Rwanda no mu Buganda. Kirerekana ibitari bike muri Kahise k’Abatwa, hamwe n’ingene bagiye baramenyera ihindagurika ry’ibintu, kikanavuga ukuntu ubu basigaye ari ababumvyi, abakozi baca ingero yo ku musi, hamwe n’ingene ari abahinga mu kuryosha ibirori. Ahanini kivuga ingene agateka kabo galumgabanywa mu buryo bwinshi kikerekana n’ukuntu Abatwa bariko bariyungunganya ngo barwanire bongere bakomeze agateka kabo.

Nyamuneka menya ko ijambo ryerekeye uburenganzira bwa rubanda n’uburenganzira bw’abasangwabutaka ryahindutse uko igihe kigenda. MRG iharanira kwerekana izo mpinduka kimwe no kubahiriza uburenganzira bwo kwimenyekanisha ku bantu bake ndetse n’abasangwabutaka. Muri icyo gihe, nyuma yimyaka irenga 50 dukora, tuzi ko archive yacu ishishikajwe cyane nabarwanashyaka n’abashakashatsi. Kubwibyo, dukora ibishoboka byose kurutonde rwinyuma rwacu rushoboka, mugihe tuzi ko imvugo yakoreshejwe idashobora kwerekana ibitekerezo byubu kuri ibi bibazo.

Pakua (Kiswahili, PDF)
Pakua (Kiingereza, PDF)
Pakua (Kifaransa, PDF)